Inama ya WikiIndaba 2024/Ivyashikirijwe
Inama ya Wiki Indaba 2024 izoba kuva kw'igenekerezo rya 4–6 Gitugutu 2024, i Johannesburg, muri Afirika y'Epfo, kandi izohimbaza imyaka 10 inama ya Wiki Indaba iheze ibayeho. Icivugo nyamukuru c'iyo nama ni !ke e: /xarra //ke - Ubumwe mu butandukane.
Amatariki ahambaye
- Ihamagara ryo gutanga ivyandiko ripfungurwa: 05 Ruheshi 2024
- Ihamagara ryo gutanga ivyandiko rirangira: 07 Mukakaro 2024
- Isubiramwo ry'ivyashikirijwe: Mukakaro 2024 »'
- Itangazo ry'ukwemera canke kwanka ivyashikirijwe: TBC
Ubwoko bw'ibiganiro
Niwiyumvire gutanga iciyumviro c'ubwoko bwose bw'ikiganiro bukurikira
Ubwoko | Insiguro | Uburebure bwahitishijwemwo |
---|---|---|
Ikimenyekanisho | Gushikiriza amakuru ku mpapuro abaje mu nama bashobora kuraba | Iminota 7 - 10 |
Lightning talk | Insiguro ngufi imara iminota mikeyi gusa | Iminota 7 - 10 |
Gusoma | Gusoma/ikiganiro ku ciyumviro ico ari co cose kiri mubishimikirwako muri iyo nama | Iminota 30 |
Ikiganiro | Ivyigwa vyoroshe mu mugwi wose n'/canke igikorwa ku ciyumviro catoranijwe mbere | Iminota 60 |
Ikiyago gihuza abantu benshi | Ikiganiro corohereza hagati ya bitatu canke birenga ku ciyumviro catoranijwe imbere y’igihe | Iminota 45 - 60 |
Imeza y'ikiyago | Ikiganiro c'umugwi wose ku ciyumviro catoranijwe mbere | Iminota 60 - 75 |
Ubwoko bw'ibiganiro
Ushobora gutanga umugambi (mu congereza canke mu gifaransa) ku kiganiro icaricocose muribi bikurikira
- Sister Projects Equity, Inclusion, and Community Health/Initiatives
- Research GLAM, Heritage, and Culture
- Research , Education & Technology
- Sister Projects Movement Governance (Includes Legal, Advocacy & Risks)
Rungika iciyumviro cawe c'ikiyago
"Ibishikirijwe vyarangiye"'
Igikorwa co gusubiramwo iciyumviro
Ivyiyumviro bizosubirwamwo n'umurwi ujejwe Porogarama.
Ikiganiro cose kizoshikirizwa ku bintu bitandukanye harimwo n’urugero rw’ingaruka bishobora kugira n’ingaruka zitezwe; inyungu yitezwe mukibano; n’ingene ivyo bishikirijwe bifitaniye isano n’icivugo canke ikintu gishimikiweko. Amanota y'umurwi aragereranywa, kandi igice co hejuru c’ivyo bazotanga kizokwemerwa uko bihuye n’urutonde.
Nimba hariho ibintu vyinshi bisa n’ivyo bivugwa ku ciyumviro kimwe, umurwi ujejwe Porogarama woshobora gusaba ko ivyo bivurwa vyohurizwa hamwe .
Uzomenyeshwa ingingo y'umurwi ujejwe Porogarama ku bijanye n’ivyo utanga biciye kugisigo(email).
Twandikire
Ufise ikibazo ico ari co cose, ntutinye kutumenyesha : wikiindaba2024(_AT_)wikimedia(_DOT_)org(_DOT_)za canke ukoreshe [[Talk:WikiIndaba_conference_2024/Submissions|meta talk page].